Uko wahagera

Ibiganiro Hagati ya Israyeri na Hamas Nta Ntambwe Vyateye


Ismail Haniyeh ni we muyobozi wa Hamas
Ismail Haniyeh ni we muyobozi wa Hamas

Ivyo biganiro vyaberaga i Kayiro mu Misiri. Umutegetsi w’umurwi Hamas, Ismail Haniyeh yatangaje ko umurwi ayoboye ushaka amasezerano yo guhagarika ingwano adasiga ikibazo na kimwe inyuma, yohagarika ivyo avuga ako ari agasomborotso ka Israyeri. Yavuze ko umurwi Hamas ushaka ko Israyeri iwuhumuriza ku bijanye no gukura inteko zayo mu ntara ya Gaza. Ni mu gihe uwo murwi nawo worekura abo wagize imbohe bagera kw’ijana, Israyeri nayo ikarekura abanyororo b’Abanyapalestina amajana n’ajana bari mu mabohero yayo.

Mw’itangazo, umutegetsi w’umurwi Hamas yagirije umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Netanyahu ko abandanya agasomborotso mu ntara ya Gaza kandi ko ariko atuma intambara ikwiragira mu karere ko mu buseruko bwo hagati bw’isi. Yagirije kandi Netanyahu ko ariko ageramira utwigoro tw’abariko bahuza impande zompi tumaze indwi zitari nke.

Ari mu gisagara ca Yeruzalemu, umushikiranganji wa mbere wa Israyeri, Benjamin Netanyahu yiyamirije ihagarikwa iryari ryo ryose ry’ingwano ryotuma umurwi Hamas ubandanya kugenzura intara ya Gaza. Yavuze ko ivyo vyotuma uwo murwi ubandanya kugeramira umutekano w’igihugu ciwe. Yatangaje ko mu gihe Israyeri yerekanye ugushaka kwayo, umurwi Hamas wagumye udadaza ku ho uhagaze. Netanyahu yasiguye ko Israyeri idashobora kuvyemera, kubera umurwi Hamas wosusbira gukora ubundi bwicanyi bukanije no kunyuruza abantu. (VOANEWS)

Forum

XS
SM
MD
LG